Inyuma y’ikosa ryateje uruhagarara ishirahamwe ryo kumugabane wa Buraya UEFA murukino rwa UCL hagati ya Real Madrid na Athletico Madrid, kuri penalty yinjiye ikankwa yari itewe na Julian Alvarez igafutwa kubera ko yakoze kumupira bikaboneka ko waciye kumaguru abiri.
Itegeko ryavuga ko umukinyi akojeje amaguru abiri kumupira mugutera penalty n’ubwo yoyitsinda itemerwa, rigiye guhindurwa uku gukurikira :
Ubu, mukwanka igitsindo, bazosuzuma ubushake umukinyi azoba yashizemwo mugukoza kumupira amaguru abiri.
Bazoraba kandi ico ukuguru kundi kwakoze kumupira kwahinduye kucerekezo umupira wariko urajamwo.
Mugihe umukinyi awukozeko atabishaka umupira ukabandanya inzira yawuteyemwo, bazoyisubiramwo.
1508500cookie-checkHagiye guhinyanyurwa itegeko rijanye no gutera umupira w’umuterekano (Penalty).