Home INKINO Dortmund irabandanya kwanka amafaranga ya Chelsea k’umukinyi Jamie Gittens

Dortmund irabandanya kwanka amafaranga ya Chelsea k’umukinyi Jamie Gittens

12
0

Umurwi wa Chelsea umaze imisi werekana ko wipfuza cane umukinyi w’imbere muri Dortmund Jamie Bynoe Gittens mbere bwambere batanguye gutanga ubusabe bwa mriiyoni 35€ Dortmund iratanka. Chelsea irasubirayo mubiganiro batanga miriyoni 50€ none nayo yanswe.

Umurwi wa Dortmund nubwo ubandanya werekana ko utipfuza kurekura unomukinyi Gittens ariko we arashaka kugenda kuko mubiganiro vyamuhuje na Chelsea yaremeye kuyikinira, mbere bumvikanye kumazezerano y’imyaka 5 nkuko tubikesha ikinyamakuru RMC Sport, ngo Chelsea nubwo itomuronka uyumusi irabandanya gushiramwo akariro kubera ko bashaka kusozera iyi diri vuba bazomujane Gittens mugikombe c’isi gihuza imirwi.

150820cookie-checkDortmund irabandanya kwanka amafaranga ya Chelsea k’umukinyi Jamie Gittens
Previous articleNtazoronka umwanya wo gukina mumwaka uza w’inkino kiretse habaye ikibazo c’imvune.
Next articleHagiye guhinyanyurwa itegeko rijanye no gutera umupira w’umuterekano (Penalty).