Umurwi wa Chelsea umaze imisi werekana ko wipfuza cane umukinyi w’imbere muri Dortmund Jamie Bynoe Gittens mbere bwambere batanguye gutanga ubusabe bwa mriiyoni 35€ Dortmund iratanka. Chelsea irasubirayo mubiganiro batanga miriyoni 50€ none nayo yanswe.
Umurwi wa Dortmund nubwo ubandanya werekana ko utipfuza kurekura unomukinyi Gittens ariko we arashaka kugenda kuko mubiganiro vyamuhuje na Chelsea yaremeye kuyikinira, mbere bumvikanye kumazezerano y’imyaka 5 nkuko tubikesha ikinyamakuru RMC Sport, ngo Chelsea nubwo itomuronka uyumusi irabandanya gushiramwo akariro kubera ko bashaka kusozera iyi diri vuba bazomujane Gittens mugikombe c’isi gihuza imirwi.
1508200cookie-checkDortmund irabandanya kwanka amafaranga ya Chelsea k’umukinyi Jamie Gittens