Miriyoni 26€ niyo mafaranga umurwi wa Al Hilal wo muri Arabia Saudite wemeye guhemba Simone Inzaghi kumwaka. Uwo mumemyereza wa Inter Milan inyuma yo gutsindwa na PSG Ibitsindo 5-0 murukino rwanyuma mwihiganwa rya Champions league, unomusi yakoranye inama n’abarongoye unomurwi arabahishuka KO agiye gutandukana nuwo murwi.
Mubiganiro umurwi wa Al Hilal wagiranye na Simone Inzaghi bemeranije amasezerano y’imyaka 3 akaba agiye gufasha mukwubaka poroje ya Al Hilal.
Simone Inzaghi atandukanye na Inter Milan inyuma y’imyaka 4 aho yanayifashije murico kiringo gutahukana igikombe 1 ca Serie A , ibikombe 2 vya Coppa Italia, ibikombe 3 vya Super Coupe ya Italy yarashitse incuro 2 murukino rwanyuma rwa Champions league mumyaka 2.
1501000cookie-check Ahevye Inter Milan agiye kuba umumemyereza wambere kw’isi ahembwa amafaranga kw’isi.