Home INKINO  Ahevye Inter Milan agiye kuba umumemyereza wambere kw’isi ahembwa amafaranga kw’isi.

 Ahevye Inter Milan agiye kuba umumemyereza wambere kw’isi ahembwa amafaranga kw’isi.

16
0

Miriyoni 26€ niyo mafaranga umurwi wa Al Hilal wo muri Arabia Saudite wemeye guhemba Simone Inzaghi kumwaka. Uwo mumemyereza wa Inter Milan inyuma yo gutsindwa na PSG Ibitsindo 5-0 murukino rwanyuma mwihiganwa rya Champions league, unomusi yakoranye inama n’abarongoye unomurwi arabahishuka KO agiye gutandukana nuwo murwi.

Mubiganiro umurwi wa Al Hilal wagiranye na Simone Inzaghi bemeranije amasezerano y’imyaka 3 akaba agiye gufasha mukwubaka poroje ya Al Hilal.

Simone Inzaghi atandukanye na Inter Milan inyuma y’imyaka 4 aho yanayifashije murico kiringo gutahukana igikombe 1 ca Serie A , ibikombe 2 vya Coppa Italia, ibikombe 3 vya Super Coupe ya Italy yarashitse incuro 2 murukino rwanyuma rwa Champions league mumyaka 2.

150100cookie-check Ahevye Inter Milan agiye kuba umumemyereza wambere kw’isi ahembwa amafaranga kw’isi.
Previous articleBurya ngo Marina yigeze gukunda Christopher
Next articlePenalty(umupira w’umuterekano) yinjijwe n’umukinyi Julian Alvarez ariko igitsindo nticemerwa igiye gutuma amategeko ahinyanyurwa.