Home INKINO Lamine Yamal agiye guhabwa amasezerano mashasha muri Barcelona

Lamine Yamal agiye guhabwa amasezerano mashasha muri Barcelona

11
0

Muri FC Barcelona: unomurwi urashaka ko unomusi urangira bamaze kwongereza amasezerano Lamine Yamal, kandi Fabrizio Romano avuga ko ayo masezerano agiye kuba ayo gushika mumwaka wa 2031, murayo masezerano harimwo ko mugihe Lamine Yamal yoramuka atahukanye umupira w’inzahabu ashobora kugirwa umwe mubakinyi baronka akanoti kanini I Barcelona. Ikindi kintu unomukinyi Barça igiye kumukorera ni ukumuha inimero 10 mumugongo yahora yambarwa n’umukinyi wibihe vyose muruwo murwi Lionel Messi.

Umunyegoli Marc Andre Ter Stegen yatanguye kwiyumvira kuva muri Barcelona, ngo mugihe umurwi wa Barcelona utomusezeranya kumuha umwanya wo gukina uhoraho azova muruwo murwi, impamvu Stegen yipfuza gukina nuko ashaka kuzoronka ikibanza m’umurwi nserukira gihugu wa Allemagne mugikombe c’isi ca 2026.

Umukinyi Ansu Fati wa FC Barcelona agiye kuva muruwo murwi kuko yatanguye nawe kubishaka, AS Monaco iro mubiganiro na Barcelona Kandi bigeze kure kuko Monaco iripfuza cane Ansu Fati kandi nawe aripfuza guhindura umurwi kuko muri Barcelona abonako atazoharonka umwanya wo gukina.

79740cookie-checkLamine Yamal agiye guhabwa amasezerano mashasha muri Barcelona
Previous article“Ntaco noshikako mutashigikiye” Amajambo y’umuririmvyi Java Kay.
Next articleInyuma y’indirimbo VIBE Epidey Winner agiye gusohora EP