Muri Bongo Fleva Inyuma y’Igihe kinini mu Muziki wa Tanzania habonetse ko hari ukutumvikana kwabaririmvyi bahoze baririmba mumugwi umwe wa WCB Wasafi aho umwe muribo yaciye ava muri uwo mugwi akaja kwigenga ariwe Harmonize munyuma Rayvanny nawe aravayo.
Haraciye igihe kinini bigaragara uguterana amajambo abobaririmvyi 2 ba Tanzania Harmonize na Rayvanny ariko inyuma yivyo vyose bagarutse guhuza baca bakora indirimbo yakunzwe cane muri Tanzania bise “SENSEMA”, indirimbo imaze kurabwa n’abantu barenga Imiliyoni cumi n’umwe ( 11Million vues) mu kiringo c’amezi cumi n’umwe.
Ubu naho bongeye kugaragaza Ubumwe n’ubucuti buri hagati yabo kuyindi ndirimbo aho umuririmvyi Rayvanny yazanye Harmonize hamwe na Marioo mundirimbo bise “PERE” imaze gusa amasaha mirongibiri n’atanu mbere ikiri Official Lyrics audio, iyo ndirimbo iriko ikundwa cane muri tanzania na cane cane kuba bari abaririmvyi abantu bari bazi ko batabonana.
Kuma 24H ikaba yarimaze kuraba n’abantu barenga 380K ,ikindi womenya nuko n’indirimbo igira kabiri murutonde gwindirimbo ziriko zivuzwa cane muri murico gihugu ca Tanzania .
Ushora kuraba n’ukumviriza ” Pere by Rayvanny X Marioo X Harmonize