Home INKINO Luca Modric agiye kuva muri Real Madrid mumpera yuno mwaka w’inkino.

Luca Modric agiye kuva muri Real Madrid mumpera yuno mwaka w’inkino.

1
0

Umukinyi Luca Modric inyuma y’imyaka 13 arumukinyi wa Real Madrid azosohoka muruwo murwi, yashaka kuhaguma ariko Real Madrid ifashe ingingo yo kumurekura ihe umwanya abandi bakinyi bato nabo bubake umurwi.

Luka Modric azokina urukino rwiwe rwanyuma kuri uyu wagatandatu kukibuga Santiago Bernabeu, akaba yanditse ikete ashimira umuyobozi wa Real Madrid abakunzi b’umurwi hamwe n’abakimyi babanye nawe icogihe amenyesha ko yahabaye mumunezero kandi azokwama arumufana wa Real Madrid. 

Modric niwe mukinyi yatwaye ibikombe vyinshi arikumwe na Real Madrid bigera kuri 28 , uwumwegera ni Carvajal wewe yatwaye ibikombe 27.

Modric muri Real Madrid ahavuye abakiniye inkino 590, yatsinze ibitsindo 43 atanga n’imipira ivamwo ibitsindo 95 

Modric yaratwaranye ibikombe bikomeye arikumwe na Real Madrid

Champions league 5, Laliga 4, Copa Del Rey 2 ,Super Coupe D’Espagne 5 , Super Coupe ya UEFA 5 anatwara n’umupira w’inzahabu mumwaka wa 2018.

79040cookie-checkLuca Modric agiye kuva muri Real Madrid mumpera yuno mwaka w’inkino.
Previous articleReal Madrid igiye kugura uwundi mukinyi agira 3