Home NEWS Indege ya Kenya Airways yananiwe no kurwa ihitamwo gusubira Nairobi

Indege ya Kenya Airways yananiwe no kurwa ihitamwo gusubira Nairobi

367
0

Iyo ndege ya Kenya Airways yashaka kugwa i Kigali mu masaha ya sambili mugitondo (8h Du Matin) kuri uyu w’imana 17 Kigarama mu kirere ca Kigali igerageza kwururuka incuro zibiri biranka maze isubira i Nairobi igwayo neza hafi saa yine z’igitondo, nk’uko iyo kompanyi y’indege ibitangaza.

Ku rubuga rwa X (rwahoze ari Twitter) Kenya Airways yavuze ko kunanirwa kururuka i Kigali kw’iyo ndege vyatumwe “no kutabona neza” kubera “ikirere kibi” ubwo yariko yegera ikibuga c’indege mpuzamahanga ca Kigali.

Ivyo “kutabona neza kubera ibicu biremereye ku kibuga c’indege ca Kigali” vyatangajwe kandi na kompanyi ya Rwandair ivuga ko vyatumye haba guteba kw’indege zigwa canke zihaguruka i Kigali.

Kuri Kenya Airways ariko vyatumye hari abibaza ibindi bibazo nyuma y’uko iyindi ndege yayo igarutse ku kibuga kuwa gatanu mwijoro haheze igihe gito ihagurutse.

Iyo ndege yo kuwa gatanu yari ivuye i Nairobi igiye i Dubai “itakaza ipine” irimo guhaguruka, maze imaze guhaguruka ariko itarasohoka mu kirere ca Kenya “ababishinzwe babonye ko igaruka ku kibuga ca Nairobi” kugira ngo “yongere ikorerwe isuzumwa”, nk’uko Kenya Airways yabitangaje.

Igarutse, mbere yo kugwa yabanje kuzunguruka incuro nyinshi mu gace kegereye ikibuga c’indege ca Nairobi, nk’uko vyagaragajwe n’urubuga FlightRadar rukurikirana ingendo z’indege ku isi zirimo kuba.

Uko kuzunguruka kenshi, bituma indege ita amavuta bigamije kugabanya uburemere bwayo kuko uburemere indege ihagurukana sibwo igomba kururuka ifite, nk’uko abahanga mu vy’indege babitangaje.

73510cookie-checkIndege ya Kenya Airways yananiwe no kurwa ihitamwo gusubira Nairobi
Previous articleIrène Raguel yishimira uko yifurijwe umusi mukuru wiwe wamavuko nabakunzi biwe.
Next articleIbikunze gushika gake umukaridinari yatawe mu mvuto