Home NEWS Burundi : ubwato MVGLC3 bwashikiye kukivuko ca Bujumbura

Burundi : ubwato MVGLC3 bwashikiye kukivuko ca Bujumbura

192
0

Ubwato butwara ibidandazwa bingana n’itoni 2000 , kuruyu wakabiri bwakiriwe kukivuko ca Bujumbura .Bwaje bwikoreye ibikoresho vy’ibanze bingana amatoni 1700 vyitwa “clinker”bakoresha muguhingura I ciment ry’ishirahamwe”Great lakes ciment” bigana mu Rwanda.

Déogratias Niyonizigiye ajejwe kumenyekanisha ibikorwa vyo mw’ishirahmwe “Global Port Services” amenyesha ko ibaye incuro ya Kane, iyo” clinker” Ica kur’ico kivuko.
Impamvu n’uko gikora neza ,kukaba nkako “Global Port Services”bakora umwanya wose no muri weekend,muntumbero yo kworohereza abanywanyi.

Niyonizigiye,asaba abagwizatunga, gucisha ibidandazwa vyabo kukivuko ca #Bujumbura, kuko ubwato butwara ibidanzwa vyinshi kuruta ubundi buryo bwo kwunguruza ibintu.

71410cookie-checkBurundi : ubwato MVGLC3 bwashikiye kukivuko ca Bujumbura
Previous articleBurundi : Igisata c’umuyagankuba kigiye gutunganywa gushasha.
Next articleIntamba murugamba z’abigeme zerekeje mu gihugu c’Afrika y’epfo.