Home ENTERTAINMENT Bongo : Rosa Ree vyanse ko yihanganira Khaligraph Jones

Bongo : Rosa Ree vyanse ko yihanganira Khaligraph Jones

241
0

Inyuma y’aho umiririmvyi wo mu gihugu ca Kenya Khaligraph Jones atangarije ko mu gihugu cose ca Tanzania atamuraperi n’umwe akwiye kugereranywa nawe ndetse agahamagarira abaririmvyi bo murico gihugu kwigaragaza bagapim’ubushobozi bwabo biciye mu muziki wa Rap, umuraperikazi Rosa Ree vyanse ko yifata aja muri studio ntibukuka maze kur’uyu wa 25 Myandagaro ashirahabona indirimbo yiwe Mama Omollo aho yabaye nkuwuzimya uwo munyakenya Khaligraph Jones.

Amajambo Rosa Ree aririmba muri Mama Omollo yose nayo kwifatira mu gahanga Jones na cane cane amwereka ko akir’umwana muto mu muziki wa Rap. Rosa Ree yafashe Khaligraph Jones nk’umwana wiwe wa kabiri inyuma y’uruyoya rwiwe aherutse kwibaruka vuba. Ibi binagaragarira kandi no mw’izina ry’iyo ndirimbo Mama Omollo kuko Khaligraph Jones asanzwe akunda kwitazira Omollo.

Rosa Ree

Umuziki wa Rap mu karere ka Afrika y’ubuseruko wafashe iyindi ntera aho wamaze guhinduka nk’urugamba hagati y’abaraperi bo mu bihugu vya Tanzania na Kenya. Hambavu ya Khaligraph Jones na Rosa Ree, umuraperi wo muri Kenya Breeder Lw nawe yamaze kuva mu gacerere aho yamaze kumenyesha, anabicishije mu ndirimbo, ko yiteguriye gufash’urugamba mugenziwe Jones.

Abatari bake rero ku mbuga ngurukanabumenyi bahanz’amaso iyo ntambara kugira ngo barabe uko iri burangire narirya binurwanurwa ko ku mpande zompi abaraperi barushirizaho kwinjira mu mazu yo guhinyanyura umuziki (Studios) mu ntumbero yo kwambarira urwo rugamba.

68420cookie-checkBongo : Rosa Ree vyanse ko yihanganira Khaligraph Jones
Previous articleNew Music : G Star Music – Akanoti
Next articleKigingi arishimira ibikorwa vya chorale saint Dominique