Home NEWS Stade Intamba zizokinirako muri Caméroun igenekerezo rya 4/9/2023 yamenyekanye 

Stade Intamba zizokinirako muri Caméroun igenekerezo rya 4/9/2023 yamenyekanye 

434
0

Umugwi Nserukiragihugu Intamba mu Rugamba igenekerezo 4/9/2023 bazokina urukina rwa nyuma na Caméroun kuri Stade Roumdé Adjia mu gisagara ca Garoua mu buraruko bw’ico gihugu ca Caméroun.

Amwe mu makuru naronse y’ico kibuga ni stade  yakira abantu 25.000 uva i Youndé n’ibirometero 900 [ 900Km ] ,ninayo stade Umugwi Coton Sport  yakirirako inkino, Umugwi wa mbere muri Caméroun ufise ibikombe vyinshi,mu gisagara umukinyi Vincent Aboubakar avukamwo.

Ico kibuga kandi kirakirirako Scorpion FC, Panthère Security FC,Roumdé Adjia FC gifise ubwugamo 5,kikaba mu bibuga 4 vyemerewe na CAF kwakira inkino mpuz’amakungu mu gihe hari ibindi 3 bitemewe na CAF muri ico gihugu, kimwe mu bibuga bifise abakunzi bakomeye caane mu gufana .

Ibindi bibuga 3 vyemewe na CAF ngaho muri Caméroun ni stade de Reunication de Douala,Stade Omnisports Ahmadou Ahidjo,stade de Japoma.

65940cookie-checkStade Intamba zizokinirako muri Caméroun igenekerezo rya 4/9/2023 yamenyekanye 
Previous articleMUSIC AUDIO : Arnovic – Ready
Next articleMUSIC AUDIO : Mkombozi Lucifier ft Mutima Le Comedien – Ubumwe