Home ENTERTAINMENT Mbappé mu nzira yo kuja mu mugwi wa Real Madrid

Mbappé mu nzira yo kuja mu mugwi wa Real Madrid

414
0

Amakuru azindutse avugwa cane k’umukinyi wa PSG Kylian Mbappé nuko umwanya n’umwanya ashobora kugurwa amafaranga atari make n’umugwi wa RealMadrid imbere y’igenekerezo rya 17 Mukakaro 2023 bikanavugwa ko uwugiye gusubirira umumenyereza wa PSG Christophe_Galtier ari we Luis_Enrique aza yatoye umukinyi yosubirira Mbappé,nawe ni Marcus_Rashford,yipfuzwa kandi n’uwurongoye PSG.Ikinyamakuru Sports Zone kivuga ko Umugwi wa PSG ushaka kumugurisha mu gutinya ko amasezerano yiwe azorangira muri 2024 yohera agaca agenda atagurishijwe.

Ayo makuru nyene avuga ko Umugwi wa PSG wagerageje gukora ibishoboka ngo  Kylian yongereze amasezerano gushika mumwaka wa 2025 ariko uyo mukinyi yaranse.Bivugwa rero ko Abakinyi b’Umugwi wa PSG bazotangura imyimenyerezo kuwa 4 Mukakaro 2023 imbere y’uko baja mu buyapani kubandanya bitegurira amahiganwa y’umwaka w’inkino uza.Bagashaka ko bofata urwo rugendo ibijanye na Mbappé vyarangiye.

Mu majambo Mbappé we yashikirije nkuko tubikesha  Gazzetta Dello Sport yagize ati:”Sinasavye ngo ngurishwe canke nje muri Real Madrid.Ico navuze gusa nuko ntashaka kwongerako uwundi mwaka (2024-2025) wo gukinira umugwi wa PSG.Turikumwe nuwo mugwi ntitwigeze tuvugana ibijanye n’ukwongereza amasezerano.Gukinira umugwi wa PSG mumwaka uza vyonezera.” . Nubwo abivuga uko , umugwi wa PSG ntushaka ko yowukinira uwo mwaka uza umwe wonyene hama ace agenda Ku buntu,ari naco gituma bashaka kudandaza uwo mukinyi w’imyaka 24 yamuka m’Ubufaransa.

63070cookie-checkMbappé mu nzira yo kuja mu mugwi wa Real Madrid
Previous articleAUDIO | Uncle b mwami ft rumonge all stars – Ndumuhatari Remix | DOWNOAD
Next articleReal Madrid ugiye gushikana Abakinyi batandatu.