Home INKINO Umwaka wa 2025 n’umwaka w’inkino w’ibitangaza kumirwi itahora itwara ibikombe

Umwaka wa 2025 n’umwaka w’inkino w’ibitangaza kumirwi itahora itwara ibikombe

12
0

Harry Kane kumyaka 31 arikumwe na Bayern Munich na Heung Min Son kumyaka 32 arikumwe na Tottenham batahukanye igikombe kuncuro yabo yambere kuva bakina umupira w’amaguru

 Tottenham muruno mwaka wa 2025 yatahukanye igikombe haheze imyaka 17 yaravyibagiye kuva 2008

2025 wabaye umwaka umurwi wa Crystal Palace watahukanyemwo igikombe ca FA CUP ucatse Man City kiba n’igikombe Cabo cambere gikomeye umurwi utahukanye kuva ubaho.

 Umwaka wa 2025 umurwi wa Newcastle United watse igikombe Liverpool ca CARABABO CUP utahukana ico gikombe inyuma y’imwaka 70 idatwara igikombe gikomeye co kumugabane wa Buraya.

 umwaka wa 2025 umurwi wo mubutariyano Bologna watahukanyemwo igikombe ca Coppa Italia ucatse Ac Milan, kiba n’igikombe utwaye gikomeye inyuma y’imwaka 51

2025 n’umwaka umurwi wa Go Ahead Eagle wo mugihugu c’ubuhorande watahukanye igikombe c’igihugu ca KNVB CUP biba n’incuro yambere uwo murwi utwaye igikombe kuva ubayeho mumyaka 92.

 Stuttgart yaraye itahukanye igikombe c’igihugu (DFB Pokal) haheze imyaka 18 idatahukana ico gikombe.

Unomwaka w’inkino umurwi wa Arsenal w’abigeme waraye utsinze igitsindo 1-0 umurwi wa FC Barcelona w’abigeme mugikombe ca Champions league kuruhande rw’abigeme. Arsenal y’abigeme itwaye kino gikombe inyuma y’imyaka 18 baronse uburenganzira bwo gukina kumugabane wa Buraya.

Murino sezo kandi umurwi wa Aberdeen waraye utwaye igikombe c’igihugu ca Ecosse inyuma y’imyaka 35 batazi igikombe uko gisa.

Twiteze Final izohuza PSG na Inter Milan mugikombe ca Champions league ngira twitege na PSG ko izotwara ico gikombe kuncuro yabo yambere.

79470cookie-checkUmwaka wa 2025 n’umwaka w’inkino w’ibitangaza kumirwi itahora itwara ibikombe
Previous articleNew Video : Kingorongoro – Bisesagu
Next article“Imyaka itanu irakwiye ntahuza ibitsina n’umuhugu” Amajambo ya Tiwa Savage.