Home INKINO Igenekerezo ryaho umupira w’inzahabu uzotangirwa ryamaze kuja ahabona.

Igenekerezo ryaho umupira w’inzahabu uzotangirwa ryamaze kuja ahabona.

11
0

Ikinyamakuru France Football c’abafaransa nico gitanga Umupira w’inzahabu. Ibirori vyo gutanga Ballon D’or yuno mwaka 2025 bizoba kw’igenekerezo rya 22 ukwezi kwa 9 munzu iberamwo ibirori bita Théâtre du Châtelet, umupira w’inzahabu uzoba uriko uratangwa kuncuro yawo ya 69.

Kugeza ubu ibirabwa kugira umukinyi atahukane umupira w’inzahabu nibi:

– uko umukinyi yitwaye kugiti ciwe , ibiharuro vyiza yagize ukuntu vyari bimeze

– ivyo umukinyi yakoze arikumwe n’abandi ibikombe yatwaranye n’umurwi n’uburemere bifise.

– urwego rw’umukinyi n’ubuntu yagize mukibuga (fair play)

– ivyaranze umukinyi murugendo rwiwe rw’umupira w’amaguru

Ivyo vyose bikorwa n’abatora kuko Ballon D’or baratora ariko barabiye kurivyo , abatora n’abamenyesha makuru hamwe n’abakizigenza b’imirwi nibo baba bagize urahara runini mwitangwa rya Ballon D’or.

78830cookie-checkIgenekerezo ryaho umupira w’inzahabu uzotangirwa ryamaze kuja ahabona.
Previous articleUmuririmvyi Melanin Boy yaraye akoze amateka Muruziba.
Next articleDj Assuman mu gisagara ca Bujumbura muri SUMMER TIME PARTY Kuri VAN BEACH Resort.