Home AMAKURU Yoweri Museveni agiye kwitoreza manda igira indwi.

Yoweri Museveni agiye kwitoreza manda igira indwi.

2
0

Ayo makuru yamenyekanye guhera kuri uyu wa mbere amenyeshejwe n’umwe mubarongoye umugambwe uri kubutegetsi muri Uganda NRM(National Resistance Movement).

Mwireresi yaciye kurubuga rwa X ikinyamakuru UBC uwurongoye komite ijejwe ivya matora mumugambwe uri kubutegetsi Tanga odoi.Aho yanamenyesheje ko museveni azotora dosiye y’umugambwe imuha uburenganzira bwo guserukira umugambwe igenekerezo rya 28 Ruheshi uyu mwaka

Uganda iriko yitegurira amatora y’umukuru w’igihugu azoba muri Nzero 2026. Yoweri Museveni afise imyaka 80. Yatanguye kurongora igihugu ca Uganda mu mwaka 1986 aho yafata ubutegetsi .

Museveni niyo yatorwa kurongora igihugu ca uganda mu matora yimirije,azobaye abaye amukuru w’igihugu agira kane muri afrika atwaye imyaka myinshi. inyuma Theodoro obiang Nguema yatwaye 43, paul biya wa cameroon atwaye imyaka 46,Denis sassou nguesso wa kongo brazaville 41 hamwe na museveni gushika ubu amaze kurongora uganda imyaka 39.

151150cookie-checkYoweri Museveni agiye kwitoreza manda igira indwi.
Previous articleIgikombe c’isi gihuza imirwi coba kigiye guhomvya FIFA kubera kutitabirwa n’abantu.