Inkuru iriko iravugwa muri FC Barcelona niya Nico Williams, kumusi wejo harabaye ibiganiro vyahuje umu aja wa Nico hamwe na Deco umuyobozi w’inkino muri Barcelona, ivyavuye mubiganiro nuko uwuhagarariye Nico yabwiye Barça ko uyumukinyi atakibazo afise co kwiyunga muri Barça.
Ariko kimwe mubintu bahagazeko cane gisabwa na Nico nikibazo co kwandikwa kuko Nico William yagumye agira amakenga ko nubwo FC Barcelona yomugura vyohava bigora uko imwandikisha nkuko vyabaye kuri Dani Olmo mumisi iheze.
FC Barcelona yasezeraniye Nico Williams ko atakibazo co kumwandikisha kizohaba, baca bumvikana ivyumushahara Barca imuha umushahara wa miriyoni 6.5€ kumwaka arawemera, ubu ibiganiro biriko birabandanya neza Nico umugambi wo gukinira Barcelona arawumva cane.
Ibinyamakuru bitandukanye harimwo nka Mundo Deportivo bivuga ko iyi transfere yagize inguvu cane ejo inyuma yaho umumemyereza wa Fc Barcelona Hansi Flick yaravuganye kuri fone na Nico Williams umwanya munini amusigurira poroje ya FC Barcelona amubwira n’umugambi umurwi umufiseko ko agiye kuba umwe mubakinyi Barça izokwubakirako.
Nico kano kanya arikuronderwa na Bayern Munich, Arsenal,Chelsea na FC Barcelona gusa aho FC Barcelona ivyinjiriyemwo vyaciye bituma umuhungu ahindura ivyiyumviro kuko yariko araganira na Bayern Munich.