Home INKINO Agiye guhagarika akazi ko kumenyereza inyuma y’imyaka 40.

Agiye guhagarika akazi ko kumenyereza inyuma y’imyaka 40.

0
12

Umumemyereza w’umurwi nserukira gihugu wa Afrika y’epfo (Bafana Bafana) ariwe Hugo Broos, yemeje ko azoca ahagarika ivyo kumenyereza inyuma y’igikombe c’isi ca 2026.

Hugo Broos ati maze hafi imyaka 40 ndi mukazi none ubu ndakwijije imyaka 73, haragera igihe caho umuntu ahagarika n’umwanya wo kuruhuka. Singiye kuzopfa nicaye kuntebe yo kumenyereza.

Uwomunya Belgique nubwo agira ahagarike ivyo kumenyereza nuko mumyaka 40 yarabimazemwo har’imirwi ikomeye yaciyemwo nayo ninka Gent, Anderlech, Club Bruge yo muri Belgique , JS Kyblie yo muri Algeria hamwe n’umurwi nserukira gihugu wa Cemeroun yanatahukanye igikombe ca Afrika arikumwe nico gihugu muri 2017, muri Afrika yepfo yarashoboye kubashikana mukibanza ca 3 mugikombe ca Afrika CAN2023

150210cookie-checkAgiye guhagarika akazi ko kumenyereza inyuma y’imyaka 40.