Home INKINO Victor Osmhen agiye kugurwa na Manchester United.

Victor Osmhen agiye kugurwa na Manchester United.

23
0

Umurwi wa Manchester United watanguye ibiganiro vyo kugura umukinyi Victor Osmhen muri Napoli.

Man United ugiye gushiramwo Umukinyi Rasmus Hojlund mwigura rya Osmhen bakabe hama bavugane uwongera amahera. Umurwi wa Napoli urasaba Hojlund hamwe na miriyoni 40€ kugira urekure Osimhen.

Muri Chelsea: Inyuma yo gusozera ivyo kugura Liam Delap wa Ipswich, Chelsea ubu naho ngo irakeneye kugura undi mukinyi w’imbere. Izina riri kuvugwa ni Hugo Ekitike umufaransa akina imbere nawe yitwaye neza mwihiganwa ry’abadagi Bundesliga unomwaka arikumwe na Frankfurt.

Ikinyamakuru Prettigoal kivuga ko atabiganiro birahaba hagati ya Chelsea na Frankfurt ariko biri mumugambi kuko Hugo nawe arashaka gusohoka akaja m’umurwi ukuze inyuma yo kuduza nivo uyumwaka. Ibiharuro vya Hugo Etikite uyumwaka vyifashe gute muri Bundesliga, munkino 33 yatanze ibitsindo 15 atanga n’imipira ivamwo ibitsindo 8.

80180cookie-checkVictor Osmhen agiye kugurwa na Manchester United.
Previous articleNew Video : Mkombozi – Vyuka
Next articleBetrouwbaar Online Casino