Home INKINO Real Madrid inondwi irarangira yinjije abandi bakinyi batatu.

Real Madrid inondwi irarangira yinjije abandi bakinyi batatu.

14
0

Unomurwi wa Real Madrid watanguje ibiganiro n’umurwi wa Benfica umukinyi akina inyuma kubiharuro 3 Alvaro Carreras kandi ngo biriko bija kumusozo nkuko Fabrizio Romano avyemeza. Ibiganiro birabandanya, mbere ngo Alvaro Carreras wewe aramaze kwumvikana na Real Madrid kandi bivanye n’umubano mwiza uri hagati ya Benfica na Real Madrid amahirwe ni menshi ko izotsindira unomukinyi

Real Madrid igiye no kwongera kugarukana umukinyi wayo wa kera wo Hagati Nico Paz yari yagurishije mubutariyano m’umurwi wa Como , aho Paz yitwariye neza muri Serie A sezo 2025 aba n’umukinyi mwiza akiri muto yaranze iryo higanwa. Real Madrid yarimaze imisi ihanze ijisho unomukinyi bivanye nuko ariko akina neza hagati kubiharuro 10 ngo kandi na Xabi Alonso yongereje inguvu zo kugarukana uno mukinyi. Real Madrid isabwa kuriha hagati ya miriyoni 6€ na 8€

Real Madrid kandi imaze imisi icungira hagufi umukinyi wo hagati wa Stuttgart ngo akina neza ngo kand azi kugenzura mukibuga hagati, uno mukinyi akaba Xabi Alonso n’inyuma yo gusinya amasezerano muri Real yagumye amutunga agatoki mubakinyi Real Madrid itegerezwa kugura, ikiguzi ca Angelo w’imyaka 24 ni miriyoni 40€ Real Madrid nayo yashizemwo inguvu ngo inondwi ihere imaze kugura unomukinyi akina kubiharuro 6.

79940cookie-checkReal Madrid inondwi irarangira yinjije abandi bakinyi batatu.
Previous articleUmurwi wa Young Africans ugiye gutandukana n’uwundi mukinyi
Next articleUmurwi wa Chelsea mu Bwongereza niwo waraye utahukanye igikombe ca Conference League