M’umurwi wa FC Barcelona: umukinyi Ansu Fati wuno murwi ari hafi kuja kwiyunga muri AS Monaco. Unomurwi ukina icicaro cambere mubufaransa uramaze kurungikira ubusabe FC Barcelona bugizwe no gutira Ansu Fati harimwo n’amahirwe yo kumugura burundu niyitwara neza, Ansu Fati nawenyene aramaze kwumva umugambi wa Monaco kuko unomurwi urashaka kumwubakirako narirya uzoba uriko ukina ihiganwa rya Champions league mumwaka uza w’inkino.Â
Muri Liverpool: umukinyi wa Leverkusen Florian Wirtz yaraye acaguye umurwi wa Liverpool imbere ya Bayern Munich, aho n’inyuma yaho Bayern na Liverpool zariko zimurondera zose, Florian rero ari mubiganiro na Liverpool bikavugwako unomurwi wo mubwongereza ushobora kuriha miriyoni 150€ kuko noyo mahera Leverkusen isaba.
M’umurwi wa Manchester City: unomurwi watanguje ibiganiro n’umukinyi wo hagati muri AC Milan Tijjani Reijinders. Man City igiye gutanga inoti muri AC Milan,umurwi wa Man City urashaka gusozera vuba ivyo kugura Tijjani hatarajamwo iyindi mirwi.