Ikinyamakuru France Football c’abafaransa nico gitanga Umupira w’inzahabu. Ibirori vyo gutanga Ballon D’or yuno mwaka 2025 bizoba kw’igenekerezo rya 22 ukwezi kwa 9 munzu iberamwo ibirori bita Théâtre du Châtelet, umupira w’inzahabu uzoba uriko uratangwa kuncuro yawo ya 69.
Kugeza ubu ibirabwa kugira umukinyi atahukane umupira w’inzahabu nibi:
– uko umukinyi yitwaye kugiti ciwe , ibiharuro vyiza yagize ukuntu vyari bimeze
– ivyo umukinyi yakoze arikumwe n’abandi ibikombe yatwaranye n’umurwi n’uburemere bifise.
– urwego rw’umukinyi n’ubuntu yagize mukibuga (fair play)
– ivyaranze umukinyi murugendo rwiwe rw’umupira w’amaguru
Ivyo vyose bikorwa n’abatora kuko Ballon D’or baratora ariko barabiye kurivyo , abatora n’abamenyesha makuru hamwe n’abakizigenza b’imirwi nibo baba bagize urahara runini mwitangwa rya Ballon D’or.