Ubwo ni ubutumwa buri mu ndirimbo ya Nzeyimana Thomas asanzwe ari mu bazokwitoza mu kibanza c’abashingamateka nk’uwigenga.
Ni mu gihe bari bamuhamagaye kuri ‘stage’ ngo asusurutse abitavye ibirori vyo gutanguza icese imyiyamamazo y’amatora y’2025.
Prezida ati : “Ndakengurukiye cane umwe mu bahiganirwa intebe y’abashingamateka, uyu Mkombozi […]. Yabivuze neza. Kudatora umugambwe munaka si ikibazo, ikibazo ni ugutera ikibazo uyo mugambwe. Nico gituma ibi dutegerezwa kubitegera… rurya ruririmbo mbere rwobabera ururirimbo mwese mwumva kumwe.”
Nzeyimana Thomas ariwe Mkombozi, yarangije asaba Umukuru w’igihugu kuzomushigikira nawe akamuha ijwi ku N⁰26, mu matora y’abashingamateka azoba kuwa 5/06/2025.
780500cookie-check“Kudatora Mkombozi n’ukuri si ikibazo ! Ikibazo ni gutera Mkombozi ikibazo. Ikibazo ni gutera uwamutoye ikibazo…”