Home AMAKURU  Abana 10 barafashwe kunguvu mu kiringo c’amezi abiri.

 Abana 10 barafashwe kunguvu mu kiringo c’amezi abiri.

17
0

Ivyo biharuro bitangwa n’ishirahamwe FVS Abagenzi b’abana mu ntara ya Rumonge. Fulgence Ingabire arongoye iryo shiramwe mu ntara ya Rumonge amenyeshako ivyo bitigiri vyegeranijwe kubantu bitura iryo shiramwe barondera ubufasha na canecane mubijanye n’amategeko kuva mu ntango za Ndamukiza.

Uyo arongoye iryo shiramwe avugako batewe impungenge n’iyongerekana ry’ibitigiri vy’abana bafatwa ku nguvu. Asaba ubutungane guhana uwagiriwe n’icaha. Agahamagarira abavyeyi bahitamwo kunyeza abana baba bafashwe kunguvu kwitura amavuriro kuneza yivyo bibobondo.

Mu ntwaro bariyamiriza iyo ngendo.

Minani Augustin arongoye komine Rumonge avugako bakora ibishoka kugira uwukekwa gufata kunguvu ashengezwe mu butungane. Iyo ndongozi igahamagarira abanyagihugu kuvavanura n’ibintazi.

Minani Augustin asigurako bamwe mubamaze gushengezwa bemezako bafata abana kunguvu kubera baba bahenzwe n’abapfumu ko bazoca baronka itunga.

79340cookie-check Abana 10 barafashwe kunguvu mu kiringo c’amezi abiri.
Previous articleLaliga ihejeje gusozera kuruhande rw’umurwi wa Real Madrid
Next articleNew Video : Kingorongoro – Bisesagu