“Jewe sinigera ngura umuceri .Abakunzi banje barawumpa kubwinshi kuboryo noshobora no kuronka uwongurisha.” Ngayo amajambo yatumye umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi w’igihugu c’ubuyapani Taku Eto atanga imihoho kuwa gatatu igenekerezo rya 21 Rusama 2025 .
Ayo majambo yari yayashikirije mugikorwa co kwegeranya uburyo cari catunganijwe n’umugambwe akomokamwo asa nuwushaka gutwenza abaraho.
Ivyo bikaba vyarababaje abataribake.
Umuceri n’igifungurwa nyamukuru mugihugu c’ubuyapani.Ubushuhe bw’umurengera bwateye ico gihugu kuva mu mwaka 2023 vyatumye umwimbu ugabanuka.
Ivyo bikaba vyatumye igiciro c’umuceri kw’isoko kiduga aho ubu ikiro kimwe kigurwa ama euro 7 angana 23.310 mu mafaranga y’amarundi dufatiye ingene iryo faranga rivunjwa na banki nkuru yigihugu 3330.