Urwo rwaruka ruvuga ko amadani basengamwo atabemerera kwubakana n’abo badasangiye idini aho mbere ngo n’uwuhirahiye akitaba ubukwe bw’uwugiye kwubakana n’uwo mu rindi dini ngo birangira ataramuwe. Bakabona ko ari uguhonyangirwa agateka kabo, kuko ngo hubaka urukundo hatubaka idini n’amashengero
Urwo rwaruka rugasaba abarongoye amashengero n’amadini ko boza baraborohereza mu gihe baba bashaka kwubakana n’abo bahisemwo n’ubwo baba badasangiye idini
Sylvestre Bizimana umunyamabanga w’urunani rw’amasengero mu Burundi CNEB, avuga ko ishengero ryose riba rifise ukuntu ryitunganije ariko akemeza ko muri urwo runani bahanahana abageni. Ahamagarira abarongoye amadini n’amashengero kwubahiriza ivyanditse muri Bibiriya na cane cane ibijanye no kwubakana kugira borohereze abayoboke babo
Ku bwa Onesphore Ndikumukiza umuhinga mu bijanye n’inyifato, amenyesha ko mu gihe umwana yaburabujwe kwubakana n’uwo akunda kubera badasangiye idini bishobora gutuma aheba kwubaka burundu
Ndikumukiza asaba abavyeyi gushigikira abana babo mu kubereka ingene batunganya ibijanye n’ibanga ry’urugo ku neza y’umuryango mushasha bipfuza gushinga