Inyuma y’ikosa ryateje ukutumvikana mw’ ishirahamwe ryo k’umugabane wa Buraya UEFA murukino rwa UCL hagati ya Real Madrid na Athletico Madrid, kuri penalty yinjiye ikankwa itewe na Julian Alvarez kubera ko yakoze kumupira n’amaguru abiri .
Itegeko ryahahora rivuga ko umukinyi akojeje amaguru abiri kumupira mugutera penalty n’ubwo yoyitsinda itemerwa.Inyuma y’impari ndende iryo tegeko rigiye guhindurwa.
Ngizi impinduka zigiye kuba mw’itegeko rihinyanyuwe:
Mukwanka igitsindo, hazosuzuma ubushake umukinyi azoba yashizemwo mugukoza kumupira amaguru abiri.
Bazoraba kandi ico ukuguru kundi kwakoze kumupira kwahinduye kucerekezo umupira wariko urajamwo.
Mugihe bizogarara ko umukinyi yakoze ku mupira atabishaka ariko ntuhindure inzira yawuteyemwo, azohabwa amahigwe yo gutera gushasha.