Home AMAKURU Gutera inkuru ashaka gutwenza abo barikumwe vyamuviriyemwo gutanga imihoho.

Gutera inkuru ashaka gutwenza abo barikumwe vyamuviriyemwo gutanga imihoho.

1
0

“Jewe sinigera  ngura umuceri .Abakunzi banje barawumpa  kubwinshi kuboryo noshobora no kuronka uwongurisha.” Ngayo amajambo yatumye umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi w’igihugu c’ubuyapani Taku Eto atanga imihoho kuwa gatatu igenekerezo rya 21 Rusama 2025 . 

Ayo majambo yari yayashikirije mugikorwa co kwegeranya uburyo cari catunganijwe n’umugambwe akomokamwo asa nuwushaka  gutwenza abaraho. 

Ivyo bikaba vyarababaje abataribake.

Umuceri n’igifungurwa nyamukuru mugihugu c’ubuyapani.Ubushuhe bw’umurengera bwateye ico gihugu kuva mu mwaka 2023 vyatumye umwimbu ugabanuka. 

Ivyo bikaba vyatumye igiciro c’umuceri kw’isoko kiduga aho ubu ikiro kimwe kigurwa ama euro 7 angana 23.310 mu mafaranga y’amarundi dufatiye  ingene iryo faranga rivunjwa na banki nkuru yigihugu 3330.

79210cookie-checkGutera inkuru ashaka gutwenza abo barikumwe vyamuviriyemwo gutanga imihoho.
Previous articleAmakuru ariko aravugwa iburaya muvyo kugura no kugurisha abakinyi.