Home NEWS Ibikunze gushika gake umukaridinari yatawe mu mvuto

Ibikunze gushika gake umukaridinari yatawe mu mvuto

568
0

Sentare Mpanavyaha yo kwa Papa yaraciriye urubanza rwo gufungwa imyaka itanu n’igice, umu karidinare yagirizwa kunyuruza amafaranga ya Vatikano

Umutariyano Karidinare Angelo Becciu w’imyaka 75 yaraciriwe umunyororo w’imyaka 5 n’igice na Sentare Mpanavyaha ya Vatikano, Vatican Criminal Court, ku musi wa gatanu.

Aho ni inyuma y’uko bigararagaye ko hari amafaranga yari agenewe kugura inzu mu gisagara ca Londres mu Bwongereza yanyurujwe.

Igitangaje n’uko uwo mu karidinare yahora arongoye ibiro vyo kwa Papa bijejwe kwemeza ko umuntu yokwitwa “umweranda” mu bakristu bitavye Imana, Congrégation pour la Cause des Saints.

Karidinare Becciu akaba kandi yagirizwa kuba yarahaye ibihumbi 575 vy’amafaranga y’abanyaburaya umugore w’umusumyi w’urusaku (espion) yitwa Cecilia Marogna. Uwo mu karidinare akaba yireguye avugako ayo mafaranga yari agamije kurekuza umubikira w’umunyacolombia yari yafashwe n’umuhari uharanira ishirwaho rya Reta ya ki Islam muri Mali.

Urwo rubanza rwumvirijwe imyaka 2 n’igice rugasasa incuro 86 rukaba rwarerekanye utunenge twinshi mu bijanye n’ingene Vaticano isanzwe itunganya ibijanye n’ubutunzi.

Karidinare Angelo Becciu abaye umwubahwa wa mbere mukuru mu butegetsi bwa Vaticano aciriwe gutabwa mu mvuto na Sentare Mpanavyaha ya Vaticano.

73560cookie-checkIbikunze gushika gake umukaridinari yatawe mu mvuto
Previous articleIndege ya Kenya Airways yananiwe no kurwa ihitamwo gusubira Nairobi
Next articleMusic Audio : Ebadass Dhozen Ft Dyd Umuranga – Impeta