Mugihe twari tumenyeye kubona abaririmvyi b“umuziki ndundi bama basa nabahanganye mubikorwa vyabo mbere abandi bagaterana amajambo, kumbure bamwe boba batanguye gutahura akamaro ko gukorera hamwe no gukundana hagati yabo.
Kuri uyu w“Imana umuririmvyi Sat B yashize kuruhome rw“urubuga rwiwe rwa Instagram arikumwe na Mugani Désiré Big Fizzo. Iyo sanamu akaba yayiherekejwe n“amajambo ahamagarira abantu gukundana no gukunda ivyabo.
Sat-b ati : “Gume hamwe ! Kundane mukunde ivyanyu. Reke Guhonoka. Ndarivuze, ndimanukiye ataco ninona canke nicuza. Ahubwo bibakundiye Mwicuze cane Ubwanyu.”
Mbega tuvugeko abaririmvyi bamwebamwe boba baratahuye ko ” Nyamwigendako atarimira impeshi” wa mugani wa barundi.
723980cookie-checkSat-B niho akibona ko ijambo Urukondo rifise akamaro mu muziki ndundi.