Home ENTERTAINMENT Canjo Amissi n’umuntu ki?

Canjo Amissi n’umuntu ki?

425
0

Canjo Amissi yavutse mu mwaka w’1957 muri quartier Swahili, mu gisagara ca Ngozi ni m’uburaruko bw’u Burundi.Canjo Amissi yerekanye impano haba mu vyigwa,mu rukino rw’umupira w’amaguru ndetse no m’umuziki.

Mu myaka ya 60 niho yiga mw’ishuri ry’intango rya Ecole Primaire Catholique du Burundi,hanyuma abandaniriza muri College Don Bosco y’I Ngozi.Inyuma y’aho yaraciye muri kaminuza y’u Burundi mu gisata c’indome hanyuma yigisha kw’ishuri nderabigisha rya Leta ENE.

Kuva yiga mu mashuri yisumbuye yamye yerekana ko ashoboye ibintu vyo kuririmba.

Mu mwaka w’1977,afise imyaka 19 yonyene, Canjo Amissi yaciye aja mu nsamirizi y’igihugu aho yari arongoye umugwi waririmba. Indirimbo yabiciye bigacika ni indirimbo yitwa« Ntacica nk’irungu. »Aho mbere niho umwuga wiwe wo kuririrmba watanguye kuko mu mwaka w’1981 yaciye aronka agashimwe kitiriwe« Moulin d’or », akaronkera mu gihugu ca Holande ari mu mugwi Amabano.

Mu mwaka w’1982. Yarabandanije gukora neza kuko yaronse agashimwe kitiriwe prix Calao ako nako yakaronkeye I Dakar mu gihugu ca Senegal aho yaririmvye indirimbo« Umva iyo nganji, » yivugiriza igitari.

Inyuma yaho yaciye also hora urukurikirane rw’indirimbo cumi harimwo indirimbo« umugabo w’ukuri », « garukire aho »,« muvyeyi nogushimira gute »,« mbega mukobwa » n’izindi.

Canjo Amissi yitavye Imana bivuye ku ndwara kuko yabuze uburyo bwo kwivuza.

Mu ntumbero yo kuguma bamwibuka harashinzwe ikigo Fondation Canjo Amissi

70010cookie-checkCanjo Amissi n’umuntu ki?
Previous articleBongo : Z Anto na Jay Melody bava ind’imwe.
Next articleMaluundi n’indirimbo nshasha “Muzane”.