Abicishije kurubuga rwiwe rwa Instagram akoresheje vidéo, Déborah Yibukije abanya Abujan kwagiye kwongera kubonana nabo inyuma y’imyaka ibiri bateramanye mu mwaka wa 2021.
Uwo muririmvyi wa gospel yavuze; Kw’igenekerezo rya 6 myandagaro 2023, ko agiye gukora ikindi igiteramo citiriwe Trust in the storm ” i abujan muri Côte d’ivoire, kukibuga ca kaminuza Félix Boigny.
Uyo muririmvyi ahamagarira abakunzi ba Gospel kuza kubwinshi kugira babane mubwiza bw’Imana.
Déborah Lukalu yavukiye i Lubumbashi muri Repubilika iharanira intwaro rusangi ya Kongo maze akurira muri afrika y’epfo. N’umwanditsi,umuririmvyi wa gospel akongera akaba n’umusobanuzi.
Yamenyekanye cane kundirimbo nka We testify na Ma consolation…akaba aheruka gusohora n’iyindi yitwa À genou imaze kurabwa n’abantu 360k mundwi 2 imaze.