Home ENTERTAINMENT Ku mwaka umuryango w’umuririmvyi Barnaba ufungura amashilingi arenga gato umuliyoni

Ku mwaka umuryango w’umuririmvyi Barnaba ufungura amashilingi arenga gato umuliyoni

401
0

Aganira n’ikinyamakuru Fahari media, umuririmvyi wo mu gihugu ca Tanzania Barnaba Classic yagize ati:” Umuliyoni n’amahera menshi cane kuri jewe bivanye n’ubuzima nakuriyemwo. Jewe muhira iwanje kenshi nije nja mw’isoko gusuma hama tugateka tugafungura n’umuryango wanje; ntitwigera turya mw’ihoteli. Ibiciro ndabizi!Ndazi kw’indimu ar’amashilingi 200 canke 100, akadobo gato cane(agasado) k’inyanya ni 4000Tsh canke 5000Tsh mu gihe ibitunguru birushirizaho gudug’ibiciro.”

“Muri make, ku biciro vy’ibifungurwa ntiwompenda kuko isoko ndayizi ndetse iyo ngiyeyo nsuma ibifungurwa nk’ivy’indwi zibiri kuko ntigera nsuma ivy’umusi umwe.”

Barnaba Classic ntiyanatinye kwemeza ko umuryango wiwe ugizwe n’umufasha hamwe n’umwana bashobora gukoresha  1000000 Tsh mu kiringo c’amezi 10 gutyo ngo ku kwezi ibihumbi 100Tsh birabatunga neza atakibazo.

Barnaba kandi yemeza ko n’ubwo bigaragara nk’ibidashoboka kuri benshi bazi neza uko abaririmvyi bakoresh’amahera n’ukugene biyemera, ngo yamara bakwiye kumwizera na cane cane kuko ari mu bwoko bw’abachaga.

Mu gihugu ca Tanzania, abachaga bazwi cane kuba ba ntirivunjwa ndetse ngo kenshi barater’imbere bivanye n’uburyo bazigamamwo neza akanoti baba baronse.

Ukwo kuri Barnaba Classic yashize ahabona kurushirizaho kuvugisha benshi ku mbuga ngurukanabumenyi aho igitigiri nyamwinshi bamukeza ndetse bakanamushimira ko atandukanye n’abandi baririmvyi banyegeza ukuri kw’ubuzima babayemwo bagahitamwo kubaho bahum’amaso abakunzi babo ivyitwa fake life mucongereza.

https://www.youtube.com/watch?v=V6jtY6-nbXc&t=9s

62840cookie-checkKu mwaka umuryango w’umuririmvyi Barnaba ufungura amashilingi arenga gato umuliyoni
Previous articleKylian Mbappé muri Real Madrid
Next articleVIDEO NSHASHA | Ado Josan – Profita | DOWNLOAD