Home ENTERTAINMENT Kicheche mu Burundi

Kicheche mu Burundi

444
0

Umuhinga mu gutwenz’abantu (comédien) wo mu gihugu kibanyi ca Tanzanie agiye kwishikira i Bujumbura vuba.

Kicheche n’umwe mu bahinga mu gutwenza bagezweho mu karere ka Afrika y’ubuseruko aho akurikiranwa n’isinzi ry’abantu ku mbuga zitandukanye.

Kicheche azoba ari i Bujumbura kwi laidi aho azokwajirwa na mugenziwe wo ngaha iwacu Gasore Babalao hamwe n’abaririmvyi batari bake harimwo Lolilo Simba.

Igiteramo Kicheche agiye gukorera aha mu Burundi cerekana ko umwuga wo gutwenz’abantu nawo uriko urarengera imbibe z’igihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko ndetse ko abawukora barushirizaho gihabw’agaciro no kwironkera akanyungu k’amafaranga.

62650cookie-checkKicheche mu Burundi
Previous articleNatacha mu gakino ubugira Kandi
Next articleIntamba mu Rugamba muri CAN 2023