Home ENTERTAINMENT INKURU ISHUSHE : Lolilo – Umugabo w’ukuri Arangwa n’ibikorwa

INKURU ISHUSHE : Lolilo – Umugabo w’ukuri Arangwa n’ibikorwa

183
0

Umuririmvyi Nzeyimana Nassoro azwi kwizina Lolilo yatanze impanuro ikomeye kubakunzi bibikogwa vyiwe ndetse noku barundi bose kwijukira akazi kuko niyosoko y’iterambera cane cane kubagabo aho yavuze ati : “Umugabo w’ukuri arangwa n’ibikorwa n’urya avyuka yiyunvira uko umuryango wiwe wobaho Burundi bwejo “.

Ayo majambo Lolilo akaba yayanditse kumbuga ziwe Instagram na page ya Facebook yiwe mugitondo co kuruyu wakabriri igenekerezo rya 24 Rusama 2022 hambavu yayo majambo, Lolilo yagaragaje nifoto arikumwe n’umugabo yariko arako akazi kokubarira ibirato, abaririmvyi benshi bo mu Burundi ntibakunda kuboneka bifotozanya n’abakunzi babo bariko bararangura imirimbo yabo naho benshi bibazako iyo mirimo ntaco imaze isuzuguritse. Lolilo wewe yerekanye urukundo rukomeye mbere akoresha n’amajambo nkoramutima yari mundirimbo y’umuririmvyi wakera mumuziki ndundi Canjo Amissi mundirimbo ziwe Umugabo wukuri.

Reka Tugaruke kuraya majambo ya Lolilo “Umugabo w’ukuri arangwa n’ibikorwa n’urya avyuka yiyunvira uko umuryango wiwe wobaho Burundi bwejo”, ati Umugabo w’ukuri arangwa n’ibikogwa bisigura ko hara abagabo benshi batitaheyo gukora biyumvira umwanya wose gushaza nokuresha abakobwa mbere n’abandi kugahura ivyo bataribiye icuya , iterambere ry’umuryango riva kumugabo naniwe ategura kazoza kumuryango nakare abakurambere barayamaze ko umugabo niwe serugo na niwe nkingi y’urugo.

Burundi bwejo buhagaze kubikogwa n’iterambere abakurambere ati urima itiro ukimbura imbonero.

https://www.youtube.com/watch?v=29iLJKDAJDE&t=4s

24660cookie-checkINKURU ISHUSHE : Lolilo – Umugabo w’ukuri Arangwa n’ibikorwa
Previous articleVIDEO NSAHASHA | Jadix – Dede | Download
Next articleSTAMINA ft Chef 187 Indirimbo B Face agiye gushira ahabona

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here