Kuruyu wa gatatu 09 Ruhuma muririmvyi Kirikou akili yanditse amajambo akomeye kumbuga ziwe aho yerekanye ko naho woba ufise amahera menshi gute si yaziguhamba , benshi bakaba batanguye kwbazi Kirikou yoba yashikiwe niki ati :
Mu buzima ntanumwe yigera aheza ntanumwe yigera yikwiza muri vyose , ubuzima nimagiriranire ntamuntu yigira umuntu agigwa n’abandi , Iyumvire n’abantu bangahe wigeze kuba uzi vyari ibihangange , hamwe wibaza ko batsinze isi , ariko uyumusi utacibuka Amazina yabo kugeza kurugwo rugero?? Nibangahe Bigeze kuba bafise Inguvu hamwe ubona ko atawobashobora , ariko uyumusi izonguvu batakizigira ? Nibangahe Bigeze kuba bafise amazu , imiduga myiza izimvye ariko uyumusi atanakimwe bagifise? Ntabutunzi bw’iza nkokubana n’abantu neza , naho woba ufise amahera kurusha Bill Gates ntushobora kuzoshobora kwitwaza ikiziga cawe (Isandugu yawe) naho woba icamamare kurusha Michael Jackson , uzoguma ukeneye abantu , Isi n’urukino rurangira twese dutsinzwe , ubaha cane abantu , nomw’ijuru dushobora kuzocirigwa urubanza tubajijwe kuvyo twakorera abantu. Murakoze, Amajambo ya Kirikou Akili.

210840cookie-checkINKURU ISHUSHE : Ntabutunzi bw’iza nkokubana n’abantu neza – Kirikou Akili