Nkuko bamwe mubaririmvyi b’umuziki ndundi bama babivuzeko muribo ntarukodo bafitaniye mbere atanakimwe bagaragaza mugushigikirana mubikogwa, umuririmvyi Bien Freema wewe werekanye ko ashigikira ibikogwa vyabandi baririmvyi nkuko vyagaragaye kuri instagram yiwe ahoyashizeko posti ya video ariko araririmba indirimbo Umudodo y’umuririmvyi Big Fizzo.
Mukiganiro Freema Boy yakoranye na zabuja.com yavuzeko abaririmvyi babarundi badashigikirana nagato ahubwo baragwa nuburyarya ivyo bigatuma ibikogwa ndundi bidatera imbere, ngo icatumye ashigikira indirimbo Umudodo kuko n’indirimbo imezeneza kandi ifise na video imeze neze kandi n’indirimbo ndundi.
Freeema Boy tumu bajije igituma Fizzo wewe atize agaragaza gushigikira indirimbo ziwe , Freema Boy yishuye ati iconico cishe umuziki ndundi kuko urimwo gusuzugurana ngo nuko ari umuririmvyi akomeye atogira commentaire kundirimbo yumuririmvyi muto ngo yoca aterimbere ihibambewe vyogaragaza urukundo mbere umuziki ndudni wotera imbere gusumba ukuri ubu. Freema boy yahamagariye abandi baririmvyi gushikigirana utaravye igihagararo.