Mu gice ca 2 c’ikiganiro Yvan Muziki yagiranye na Yago TV Show yo mu gihugu c’Urwanda, Yvan Muziki yagirije kumugaragaro umurirmvyi Big Fizzo na Sonny ko bahatswe kumwaka ubuzima.
Uwo muririmvyi akaba yavuze ko icogihe bariko basangira, kuko Big Fizzo yaravuye mu mahanga, ngo bahejeje gusangira, Sonny ngo yaciye amukubita intebe mu mutwe Yvan Muziki.
Yvan avuga ko icogihe nawe yigwanyeko nk’umugabo, ariko ngo vyahavuye bifata iyindi sura kuko uwo mugenzi wa Big Fizzo yaciye afatwa arafungwa, naho uwo mwanditsi w’umudodo yari yageraheje guhosha iyo ntambara.
Yvan Muziki yavuze ko Big Fizzo yari yamusavye kutabicira hasi inyuma yaho avugiye ko buca atangura kuvuga abamufukamye munda.
Nimugihe abo muri Bantu Bwoy ntacobabarashima kubivugako nimba arivyo canke. MwomenyaYvan Muziki mubiganiro amaze amazegukora amaze kuvuga abantu batari bake barimwo nabaririmvyi n’abamenyeshamakuru.