Home NEWS Abakozi bambere bagiye gukorera mu bihugu vyabarabu bafashe urugendo.

Abakozi bambere bagiye gukorera mu bihugu vyabarabu bafashe urugendo.

247
0

Abo bakozi bagizwe n’abakenyezi n’abigeme, bavuye mu ntara z’igihugu zitandukanye bari bamaze imisi bigishwa imico n’ururimi rw’icarabu vy’igihugu ca Arabiya sawudite bagiye gukoreramwo.

Mu bushikiranganji bw’imigenderanire bari babaherekeje ku kibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye, Bapfinda Epimène umuyobozi mukuru ajejwe igisata c’abarundi baba mu makungu, amashirahamwe mpuzamakungu n’igisata c’abakozi baja hanze yavuze ko kuri mirongo itandatu bari kurutonde, hagiye kuri uyu wa Gatatu cumi n’umwe abasigaye bazogenda ku musi wa Gatanu.

Uwo muyobozi, yamenyesheje ko hazobanza kugenda abigeme n’abakenyezi, nayo amasezerano bafitaniye nivyo bihugu vy’abarabu nayo kuzorungika abakozi ibihumbi mirongo irindwi na batanu.

58960cookie-checkAbakozi bambere bagiye gukorera mu bihugu vyabarabu bafashe urugendo.
Previous articleVIDEO ZABUJA TV : Maandalizi ya Concours de Danse Rumonge | Detama
Next articleWeekend Rap na HIP HOP COMPTETITION