FILM UMUKEBA : Umudamu yasavye umugabo wiwe ko yorongora uwundi mugore wa kabiri

FILM UMUKEBA : Umudamu yasavye umugabo wiwe ko yorongora uwundi mugore wa kabiri

25 septembre 2022 0 Par H. Mervis

Amareresi ndundi abandanya atera imbere, Inyuma ya Film NGABO THE MASTER, Mugisha Movie Company igiye kubazanira iyindi film nziza  itazovyorosha kw’izina rya UMUKEBA abayikinyemwo ni Aisha MUKUNZI, Hassan MAGARAMAZI na IRAKOZE Joselyne.

Muriyo  filme UMUKEBA, Umudamu yasavye umugabo wiwe ko yorongora uwundi mugore wa kabiri, bivanye nuko bari bamaze imyaka myinshi batararonka ikibondo, none umugabo agira amahirwe mabi asanga yarongoye  umukobwa yifitiye nawe umukunzi wiwe batabizi.
Mbega bizogenda gute?? umugabo bizomukundira kubana n’abagore babiri?? uwo yatumye umugabo wiwe azana uwundi mugore mbe bizomwerera canke azoba yiyimbiye umwobo??? Nivuba rero iyo film igiye kuga ahabona.

Facebook Comments Box
34290cookie-checkFILM UMUKEBA : Umudamu yasavye umugabo wiwe ko yorongora uwundi mugore wa kabiri