Super Huff Yemereye abakunzi biwe indirimbo Shasha vuba

Super Huff Yemereye abakunzi biwe indirimbo Shasha vuba

24 November 2021 0 By Rossy NAHAYO

Umuririmvyi Cutiyabose  Super Huff yakuriye inkoni kugishitse abantu bamaze imisi bibaze ko yahevyo kuririmba mukwemera ko vuba mumpera zuyu mwaka 2021 azo sohora indirimbo shasha naho amaze umwaka urenga adasohora indirimbo.

Super Huff n’mwe mubaririmvyi bomuntara ya Rumonge bakuzwe cane nokubaka amateka meshi kundirimbo ziwe zitandukanye, ariko hari haheze umwaka urenga ari mugihugu ca afrika yefo, Super Huff n’amezi mahe aheze agarutse mugihugu ciwe camavuzeko, ashitse yavuzeko agiye gusohora indirimbo  ariko isezerano atarashikana gushika ubu.

Mukiganiro yakoranye na zabuja.com kuruyu wambere yavuzeko aracariko arikazanura kugira asohore indirimbo iri kugwego mpuza makungu kandi izo sohoke ifise amasanamu, akaba yavuzeko unomwaka wa 2021 ntuzo hera atarasohora indirimbo shasha.

Facebook Comments Box
15350cookie-checkSuper Huff Yemereye abakunzi biwe indirimbo Shasha vuba